Indege ya mbere kw'isi mu burebure yashizwe ahabona

Airlander ifise imetero 92, ikaba irusha imetero 18 izindi ndege zahahora
Amafoto mashasha y'indege ndende kurusha izindi kw'isi zerekanywe imbere y'uko ishirwa ahagaragara ubwa mbere.
Iyo ndege izwi kw'izina rya (The Airlander 10) ifise uburebure bw'imetero 92, ikaba irusha imetero 18 izindi ndege zisanzwe.
Iyo ndege ntikoma induru iri mu kirere, kandi na vyuka isuka mu kirere
Ishirahamwe rimwe ry'Ubwongereza ryafashe imyaka 9 gukora iyo ndege mu kibanza kinini cane ca Cardington kiri mu karere ka Bedfordshire.
Izova muri ico kibanza ubwa mbere ku musi wa mbere, kuva itanguye gukorwa.
Iyo ndege yatwaye imiliyoni 25 z'amadollars, irashobora guhagarara mu kibanza kimwe mu kirere indwi zitatu kandi irashobora kubandanya kuguruka naho yoba yatobaguwe hakoreshwe amasase.
Airlander irashobora guhagarara mu kibanza kimwe mu kirere igihe c'indwi zitatu
Igisirikare c'Ubwongereza caraherewe kitararangiza gukora iyo ndege, ishirahamwe ry'indege ryo mu Bwongereza rikaba ryaciye ribakorera mu ngata muri ico gikorwa co kurangiza iryo ndege.
Benshi bemera ko iyo ndege idakoma induru iri mu kirere kandi idasuka ivyuka bibi mu kirere irashobora gukoreshwa mu misi iza.