Korea ya ruguru yagerageje izindi missile

Ahavuye isanamu, AP
Imyiyerekano yo kwiyamiriza iterwa rya missile na Korea ya ruguru
Igihugu ca Korea ya ruguru cateye missile nyinshi zidashika kure mu mazi yaco ari mu nkengera y'uburengero bw'ico gihugu, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru ca reta ya Korea ya ruguru, Yonhap.
Iterwa ry'izo missile ribaye inyuma y'imisi itatu Korea y'epfo ivuze ko Korea ya ruguru yeteye missile zishika kure mw'ibahari ubwa mbere kuva mu 2014.
Amerika na Korea y'epfo bariko baragira imyimenyerezo bari kumwe ya gisirikare, Korea ya ruguru ikaba yikeka ko bashaka kugitera.
Ahavuye isanamu, EPA
Korea ya ruguru yateye izindi missile
Ibihano bishasha vyafatiwe ico gihugu kubera ukugerageza missile zaco z'ubumara, no gutera ikigendajuru mu kirere itariki 7 z'ukwezi kwa kabiri, barenze ku bihano Onu yari yagifatiye.
Korea y'epfo iracarondera kumenya ubwoko bwa missile ico gihugu cateye.
Izo missile zatewe ziva mu gisagara kiri mu buraruko bushira ubuseruko ca Hamhung.
Ahavuye isanamu, AFP
Missile za Korea ya ruguru
Ku musi wa gatanu, Korea ya ruguru yateye missile zibiri zidashika kure.
Abategetsi ba Amerika bavuga ko izo missile yagiye mu kirere ibirometero 800, inyuma y'uko zigwa mu mazi.
Mu nyuma Amerika yasavye ico gihugu kudateza umutekano muke.