Urubanza rwa Bemba rurasomwa uyu musi

Urubanza rwa Bemba rumaze imyaka itanu

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Urubanza rwa Bemba rumaze imyaka itanu

Vyitezwe ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'I La Hague, iza gusoma urubanza rw'uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu wa RDC, Jean Pierre Bemba, isaha 13:00 GMT(Isaha icenda zo mu Burundi), aho yagirizwa ivyaha vyo gufata abakenyezi ku nguvu, ubwicanyi n'ubusuma.

Ivyo vyaha bivugwa ko vyakozwe n'abagwanyi biwe yari arongoye mu gihugu ca Centrafrique.

Muri urwo rubanza, abashikirizamanza barerekanye ko, nk'uwari arongoye ingabo,, Bemba ari we yari afise ijambo rya nyuma kuri bo ariko ko ata kintu na komwe yakoze ngo ababuze gukora ivyo vyaha yagirizwa.

Abarwanyi b'umuhari uzwi kw'izina rya Congolese Liberation Movement, bagiye mu gihugu kibanyi ca Centrafrique mu 2002 gufasha prezid Ange Felix Patasse, kurwanya abari bashatse ku mukura ku butegetsi ku nguvu.

Ababuranira Bemba bavuze ko kuva abo barwanyi bajabutse urubibe, atari akibategeka.