Trump yiyemeje guhagarika amasezerano ya nucleaire

Ahavuye isanamu, AFP
Donald Trump
Uwushaka kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu mugambwe w'aba republicains muri Amerika, Donald Trump, yiyemeje ko, aramutse atahukanye ico kibanza, ingingo ya mbere mu migenderanire n'amahanga azofata ari yo gufuta amasezerano y'ibirwanisho vy'ubumara.
Ayo masezerano Trump avuga n'ayaheruka gushirwako umukono hagati ya Amerika na Iran.
Trump ubu ari mu ibanza ca mbere mu mugambwe w'aba republicains, yabwiye umugwi uvuga rikijana ushigikiye igihugu ca Israel, ko ayo masezerano ya Iran ari ikintu kibi kuri Amerika.
Yavuze ko co kimwe n'inkurikizi mbi ashobora kugira kuri Amerika, ayo masezerano ashobora kugeramira Israel n'akarere ko mu burasirazuba bwo hagati.