26 biciwe mu bitero vyo ku kibuga c’indege ca Zaventem

Ikibuga c’indege ntikiriko kirakora. Uwufise ububasha kw’isanamu Rosina sini-News
Image caption Ikibuga c’indege ntikiriko kirakora.

Ishirahamwe rya gariyamoshi I Bruxelles ryavuze ko abantu 15 bapfuye I Maelbeek abandi 55 barakomereka, 10 muri bo bakaba bababaye cane.

Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa, Francois Hollande, yateye ivyatsi ivyo bitero vy'I Bruxelles avuga ko ri nk'ibitero bigizwe k'Uburaya bwose.

Umushikiranganji wa mbere w'Ububiligi, Charles Michel, yavuze ko hafashwe izindi ngingo zikomeye mu kurinda umutekano ku mbibe.

Abantu baciye bavanwa kuri ico kibuga c'indege, ingendo z'indege ziza canke zigenda na zo zirahagarikwa.

Abajejwe ibikorwa vyo gutabara bariko barasaka ikibuga c'indege cose.

Ntibiramenyekana icateye ivyo vyaturitse.

Ivyo bishitse inyuma y'imisi ine gusa, hafashwe umuntu yaronderwa cane yagiriza gutegura ibitero vy'I Paris vyo mu mwaka uheze, vyahitanye abantu 130.

Abdeslam yafashwe ku wa gatanu mu karere kamwe ka Bruxelles.

Ikibuga c'indege ca Zaventem kiri ku birometero 11 mu buraruko bushira ubuseruko bw'igisagara ca Bruxelles, kikaba c'akoreshejwe n'abantu imiliyoni 23 mu mwaka uheze.

Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu yavuze ko abantu 11 bapfuye abandi 81 barakomereka inyuma y'aho haturikiye ibintu bibiri ku kibuga c'indege ca Zaventem, hanze gato y'igisagara ca Buxelles.