800 bashizwe mu kibanza ca bonyene kubera Ebola

Ahavuye isanamu, Reuters
Abaganga bariko barafasha uwanduye iyo ngwara ya Ebola
Ubutegetsi bwa Guinee buvuga ko iriko iragira amatohoza y'abantu amajana n'amajana y'abantu boba baranduye umugera wa Ebola inyuma y'aho iyo ngwara isubiye kwibonekeza igahitana abantu bane mu bumanuko bushira ubuseruko bw'ico gihugu.
Itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters casubiyemwo ivyavuzwe n'umuvugizi w'ikigo kijejwe kugwanya iyo ngwara, yariko aravugira kuri television imwe, avuga ko abantu bashika 816 bo mu miryango 806, kuva ku wa gatandatu ari bo bamaze kumenyekana ko boba barakoranyeko n'abo bagwayi.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukozi ariko arahimiriza abantu kwirinda iyo ngwara
Yavuze ko bazoshirwa mu kibanza cabonyene mu kiringo c'indwi zitatu.
Abantu barenga 11,000 barahitanywe n'iyo ngwara mu gihugu ca Guinee, Liberia na Sierra Leone yatanguye mu mwaka 2013.
Ivyo bihugu vyose bitatu vyaranzwemwo abagwayi bake b'iyo ngwara kuva bayihagurukiye.