Trump na Clinton batsinze muri Arizona

Umupfasoni Clinton na Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umupfasoni Clinton na Trump

Abashaka kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu baza gushika ubu imbere mu gihugu ca Amerika, Donald Trump w'umugambwe w'aba republicains na Hillary Clinton wo mu ba democrates, batahukanye intsinzi ikomeye mu ntara ya Arizona.

Ikibazo c'abimukira ni co caje imbere muri iyo ntara yo mu bumanuko bushira uburengero, intara nini gusumba izindi zose zabayemwo amatora yo gukuranamwo ku musi wa kabiri.

Amajwi yerekanye ko ubutumwa bwa Trump bwo kwanka abimukira bwashimwe n'abaje mu matora muri iyo ntara.

Umupfasoni Clinton na we vyaragaragaye ko abandanya gukundwa n'imigwi y'inkehwa, aho yaronse amajwi menshi mu turere hagwiriyemwo abamuka muri Espagne.

Mu gihe yariko arashikiriza ijambo ry'intsinzi I Seattle, umupfasoni Clinton yaragize ico avuga ku bitero vyabaye I Bruxelles, aca avuga ko:"Dukeneye umugaba w'ingabo ashobora kuja imbere, umuntu agenza make kandi adatinya urukamvye."

"Ico tudashobora kwemera, ni abategetsi batuba abantu bakuka imitima gusumba," uko ni ko yavuze ashaka gutunga urutoke Trump.

Uwuhanganye n'umupfasoni Clinton mu ba democrates, Bernie Sanders, vyitezwe ko ashobora gutahukana intsinzi mu ntara ntonto za Idaho na Utah.

Umukenguzamateka wa Texas Ted Cruz na we vyitezwe ko na we atsinda Utah, ku ruhande rw'abarepublicains.

Mu ntara ya Arizona, uwutsinze yaca atahukana abaserukira abandi bose, bisigura ko Trump yongereje abashika 58