Agahanga ka Shakespreare gashobora kuba karibwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
William Shakespeare
Amatohoza ya vuba yagizwe ku ntatemwa ry'umwanditsi azwi cane William Shakespreare yerekanye ko agahanga kiwe koba karibwe.
Ivyo bije kwongereza inkuru zari zanditswe mu binyamakuru mu 1879, zatewe ivyatsi bavuga ko ari ibihuha, ko hari abantu bivye ako gahanga mu 1794.
Umugwi w'abagira ubushakashatsi wakoresheje ubuhinga bushobora kuraba mu kuzimu (GPR), baraba muri iyo ntatemwa mw'isengero rya Holy Trinity, Stratford, bukaba bubaye ubushakashatsi bwa mbere bugizwe muri iyo ntatemwa.
Ubwo buhinga bwatumye bashobora kuraba muri ntatemwa yiwe batarinze kwimba.
Umuhinga wa kahise gafatiye ku bisigarira, Kevin Colls, wo muri kaminuza ya Staffordshire, yari arongoye ubwo bushakashatsi afashijwe n'uwundi muhinga Erica Utsi, yavuze:"Twaravye aho bashinguye Shakespeare, turabona ko hari agahaze, ahategerezwa kuba umutwe wiwe, kandi hari inkuru zivuga ko hoba hari igihe kimwe umuntu yoba yarivye agahanga ka Shakespreare."
"Ibi bitumye nsa nuwemera ko agahanga kiwe katari mw'isengero rya Holy Trinity na gato."
Ahavuye isanamu, Getty Images
Aho Shakespeare yashinguwe
Ubwo bushakashatsi ni kimwe mu bikorwa vyo gutegura ukwibuka imyaka 400 iheze Shakespreare yitavye imana.
Intatemwa yashinguwemwo mu 1616 yanditsweko inyandiko igabisha uwo wese azokugurura imva yiwe.
Ahavuye isanamu, Getty Images