Hollande yahevye kwaka ubwenegihugu abakora iterabwoba

Iyo ngingo yari nk'inyishu ku bitero vy'I Paris vyahitanye abantu 130

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Iyo ngingo yari nk'inyishu ku bitero vy'I Paris vyahitanye abantu 130

Prezida w'Ubufaransa Francois Hollande yahevye umugambi wo guhindura ibwirizwa shingiro, wotumye abahamwe n'icaha c'iterabwoba baca bakwa ubwenegihugu bw'bufaransa.

"Umwumvikano uri kure nk'ukwezi" uko ni ko Hollande yavuze inyuma y'aho inama nshingamateka na nkenguzamateka bananiriwe kwumvikana kuvyohinduka.

Iyo nteguro y'itegeko yakurikiye ibitero vy'I Paris vyahitanye abantu 130.

Ariko yariyamirijwe cane gushika n'aho umushikiranganji w'ubutungane Christiane Taubira atanga imihoho mu kwezi kwa kabiri.

Prezida w'Ubufaransa yafashe iyo ngingo yo guhindura ibwirizwa shingiro bivuye ku bitero vy'inkoho n'amabombe vyabitwaje idini rya Islam vyagizwe ahantu bariko baridagadurira, ku kibuga c'umupira, ku nzu z'uburiro hamwe n'izo ubunywero itariki 13 ukwezi kwa cumi na rimwe 2015