Ikirato ca Lionel Messi cashavuje abanye Misri

Igikorwa ca Messi cafashwe nk'igitutsi hagushimagizwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Igikorwa ca Messi cafashwe nk'igitutsi hagushimagizwa

Umukinyi rurangiranwa w'umupira w'amaguru yatanze ibirato vyiwe vyo gukinana mu camunara, atazi ko iyo ngingo ishobora kugira abo ishavuza.

Ivyo ni vyo vyamushikiye uwo mukinyi wa Barcelone igihe yashaka gutanga ibirato vyiwe mu gihugu ca Misri.

Ivyo bibaye inyuma y'imisi mike inyuma y'aho Messi bamushimiriye kubera yari yarungikiye umupira wiwe wo gukinana hamwe n'umupira wo gukina umwana umwe wo mu gihugu ca Afghanistani.

Ahavuye isanamu, YouTube/MBC Misr

Insiguro y'isanamu,

Benshi bibaza ko umumenyeshamakuru Mona al-Sharqawi yari kwanka ivyo birato

Ariko igihe uwo mukinyi yashaka gukora ibintu nk'ivyo mu Misri muri iyi ndwi, benshi babibonye nk'igitutsi.

Igihe yari mu kiganiro ku mboneshakure"mu kiganiro ca Ego ndi Rurangiranwa" gica ku mboneshakure ya MBC Misr, uwo mukinyi nserukiragihugu wa Argentine, yabwiye abo bamenyeshamakuru ko yari kubaha ibirato vyiwe kugira bitegwe camunara.

Ahavuye isanamu, You Tube

Insiguro y'isanamu,

Umushingamateka wa Misri na we yaciye aha ibirato Messi mu kumusubiriza mu ndumane

Ico Messi atamenye n'uko mu gihugu ca Misri no mu bindi bihugu vy'abarabu, ibirato bifatwa nk'igitutsi canke kutubaha umuntu.

Vyatumye rero abanyagihugu bamwe ba Misri babifata nk'ibintu bibi, bituma batangura kuvuga nabi ku mbuga ngurukanabumenyi.

Kugira yishure kuri ivyo bitutsi, umushingamateka umwe wa Msri, Said Hassin, akora ikiganiro citwa'Infirad' yakuye ikirato ciwe avuga ko azogiha Messi.