Trump ntagira aho ahagaze ku bapfasoni bakorora imbanyi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Trump ntakunzwe cane mu bapfasoni
Uharanira kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu mugambwe w'aba republicains, Donald Trump, yyahinduye aho yari ahagaze umwanya muto ahejeje kuvuga ko abapfasoni bakuramwo imbanyi bakwiye guhanwa.
Yariko arashikiriza ijambo mu myiyerekano yerekanywe ku mboneshakure ya MSNBC
Iyo ngingo yatumye anebagurwa bikomeye.
Ariko umwanya mutu inyuma y'aho, yarahinduye imvugo yiwe, avuga ko abaganga bafasha abashaka gukuramwo imbanyi bakwiye guhanwa.
Ariko n'inyuma yo kuvuga ivyo, yisiguye aca yongerako ko:"Aho mpagaze ntiharahinduka."
Uwo mukandida aza imbere mu mugambwe w'aba republicains, arashigikiye kubuza gukuramwo imbanyi, ariko bivanye n'impamvu.
Ahavuye isanamu, Reuters
Ikibazo co gukuramwo imbanyi nticumvikanwako muri Amerika
Ugukuramwo imbanyi vyarekuwe n'amategeko mu gihugu ca Amerika kuva mu 1973, bivuye ku ngingo itazibagiranwa ya sentare nkuru yo muri ico gihugu.
Trump, yigeze kuba umuyoboke w'umugambwe w'aba democrate, yarigeze kunebagurwa bikomeye kubera uburenganzira bw'abapfasoni bwo gukuramwo imbanyi.
Aho umugambwe w'aba republicains uhagaze kuri ico kibazo, n'uko ugukuramwo imbanyi ari icaha.