Abarwanya reta bashaka gukura Zuma ku butegetsi

Prezida Jacob Zuma
Insiguro y'isanamu,

Prezida Jacob Zuma

Umugambwe wa Democratic Alliance mu gihugu ca Afrika y'epfo catanguje isekeza ryo gukura ku butegetsi Jacob Zuma inyuma y'aho sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, imenyeshereje ko yarenze kw'ibwirizwa shingiro.

Sentare yasanze Zuma yaranse gukurikiza itegeko rivuye ku mushikirizamanza mukuru mu mwaka wa 2014, yamusaba kuriha amahera yakoreshejwe mu gusubiramwo inzu yiwe.

Insiguro y'isanamu,

Inzu ya Zuma yasubiwemwo I Nkandla

Imigambwe ibiri itavuga rumwe na reta vyashikanye urwo rubanza muri sentare rwo gusaba prezida Jacob Zuma kwubahiriza ivyavuye mu matohoza yagizwe n'umugenduzi w'ubuhukungu bwa reta, ko basanze afise uruhara mu gusubirishamwo inzu yiwe ya Nkandla.

Imiliyoni n'imiliyoni z'amadollars yarakoreshejwe muvyo abategetsi bar eta bise ukwongereza umutekano.

Iryo subirwamwo ry'inzu ryakozwe ku kibanza c'amanama n'ikibanza co kwogeramwo(piscine).