Calcutta: Nta cizere co gutora abantu bagikomeye kikihari

Ahavuye isanamu, AP
Abantu bagerageje gukoresha amaboko mu gutabara abaguweko n'ibisigarira vy'ico kiraro
Icizere co gutora abandi bantu bagihema baguweko n'ibisigarira vy'ikiraro gica mu kirere cabomotse mu gisagara ca Calcutta mu Buhindi, kigenda kiragabanuka.
Abatabara bakoze ijoro ryose mu karere ka Girish Park, aho ico kiraro cariko kirubakwa, igihe cakoroka bukwi na bukwi ku musi wa kane ku mugoroba.
Ahavuye isanamu, AP
Amajana n'amajana y'abapolisi, abasirikare n'abakozi bajejwe gutabara bamaze ijoro ryose mu gikorwa co gutabara
Abantu bagera ku 23 ni bo bahasize ubuzima abandi benshi barakomereka.
Ico kiraro gica mu kirere gifise uburebure bw'ibirometero 2, catanguye kwubakwa mu 2009, ariko nticigeze giherera ku biringo vyagenda birategekanywa.
Abategetsi bavuga ko abarenga 90 bamaze gutabarwa, bamwe muri bo bakaba bari mu bitaro kandi bababaye cane.
"Benshi mu batabawe bari bakomeretse cane," uko ni ko umukuru w'igipolisi Ajay Tyagi yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters.
"Benshi bashobora kuba bakiri musi y'ibisigarira vy'ico kiraro."
Ahavuye isanamu, AP
Hari inkuru zivuga ko hari imiryango yaba musi y'ico kiraro cariko kirubakwa
Igisata kijejwe gutabara abahuye n'ivyago mu Buhindi (India's National Disaster Response Force) vyabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya AP ko ibikorwa vyo gutabara bigeze "mu mwanya wa nyuma", ko bitagishoboka ko batora abandi bantu bagihema".
Ntibiramenyekana igitigiri c'abantu boba bakiri musi y'ibisigarira vy'ico kiraro.