Korea ya ruguru yateye izindi Missile mw'ibahari

Korea ya ruguru yateye izindi Missile mw'ibahari Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Abasirikare ba Korea y'epfo bavuga ko Korea ya ruguru yateye missile ishika kure mu karere kegereye amazi mu buseruko mw'ibahari, mu gihe prezida Barack Obama yariko aragirisha inama y'isi yose ku mutekano w'ibirwanisho vy'ubumara mu gisagara ca Washington.

Iryo geragezwa ry'ivyo bisase ni ryo ribaye vuba mu rukurikirane rwagizwe n'ico gihugu ca Korea ya ruguru, hatumye haba ukwinubana, inyuma y'aho ico gihugu kigeragereje ibirwanisho vy'ubumara mu kwezi kwa mbere.

Prezida wa Amerika Barack Obama yavuze ko Ubushinwa na Amerika bagiye gukorana mu kurandurana n'imizi umugambi w'ibirwanisho vy'ubumara muri Korea ya ruguru.

Prezida Xi, yavye imbande zose gushira mu ngiro ibihano amakungu yafatiye Korea ya ruguru.