Ikibuga c'indege Zaventem casubiye gukora

Umutekano uracungerewe cane hanze y'ikibuga c'indege ca Zaventem

Ahavuye isanamu, OLIVIER HOSLET

Insiguro y'isanamu,

Indege zitatu gusa nizo zemerewe kuguruka uno munsi, mu gihe mu bisanzwe haguruka 600 ku munsi

Ikibuga c'indege c'i Bruxelles mu Bubirigi, Zaventem, casubiye gukora uno munsi, bukaba ari ubwa mbere kuva aho igitero gihitaniye abantu cumi na batandatu.

Umutekano uracungerewe cane, imiduga yose ikaba ibanza gusakwa imbere y'uko yinjira.

Indege zitatu gusa nizo zemerewe gufata urugendo uno munsi zerekeza mu Butariyano, Portugal hamwe n'Ubugiriki.

Ico kibuga c'indege mu bisanzwe kiberako ingendo amajana atandatu ku munsi.

Abajejwe ibikorwa kuri ico kibuga bavuga ko ibikorwa vyose bitazosubira neza na neza imbere y'ukwezi kwa gatandatu.