Ikibazo co gukura Zuma mu nama nshingamateka

Ahavuye isanamu, Reuters
Abatavuga rumwe na leta bashaka ko bwana Zuma abogozwa
Umukuru w'inama nshingamateka ya Afrika y'epfo yamenyesheje ko kuwa kabiri bazokwiga ku ngingo isaba ikurwa ry'umukuru w'igihugu, Jacob Zuma.
Abatavuga rumwe na leta basavye ko bwana Zuma abogozwa nyuma y'aho sentare yo ku rwego rwo hejuru muri ico gihugu isangiye atarubahirije ibwirizwa shingiro mu kwirengagiza ivyatohojwe n'umukozi ajejwe kurwanya igiturire.
Bwana Zuma avuga ko azubariza ingingo ya sentare yo kuriha amwe mu mamiriyoni y'amadolari ya leta, yakoresheje mu kwubaka inzu yiwe.
Umukuru w'inama nshingamateka yavuze ko ingingo ya sentare ikurikije inama n'ingingo.