Ethiopia na Somaliland mu masezerano ku kivuko

Abanyagihugu kw'isoko ry'ibitungwa muri Somaliland
Insiguro y'isanamu,

Ethiopia niyakoresha ikivuko ca Berbera muri Somaliland bizokwongera ubutunzi muri ako karere

Abajejwe intwaro muri Ethiopia hamwe n'icibare gisa n'icigenga ca Somaliland muri Somalia, bavuga ko amasezerano yemerera Ethiopia gukoresha ikivuko ca Somaliland azokwongera ubutunzi.

Ethiopia, isanze ata nkengero z'ibahari ifise ikaba kandi ituwe n'abantu imiriyoni mirongo icenda, yikora ku kivuko ca Djibouti mu kuzana ibidandazwa.

Umuyobozi w'ikivuko ca Berbera muri Somaliland yavuze ko uwo mwumvikano, umaze iminsi mikeyi ushizweko umukono, uzotangura gushirwa mu ngiro vuba hashoboka.

Ethiopia yavuganye kuva kera na Somaliland ku vyerekeye gukoresha ico ikuvuko kiri ku birometero nk'amajana abiri uja ku rubibe rwa Ethiopia.