Kuriha mu mibonano mpuzagitsina ni icaha mu Bufaransa

Ahavuye isanamu, EPA
Abakora akazi k'ubumaraya bashika ibihumbi 30 mu Bufaransa bazobangamirwa n'itegeko rishasha
Inama nshingamateka mu Bufaransa yemeje itegeko rishasha rihama uwutanze amafaranga kugira akore imibonanano mpuzagitsina.
Uwo wese azofatwa arishe amahera umumaraya azocibwa amande y'amafaranga angana n'amadolari igihumbi n'amajana indwi, afashwe ubwa mbere.
Iryo tegeko rishobora kubangamira abatunzwe n'akazi k'ubumaraya bashika ibihumbi mirongo itatu, benshi muri bo bikavugwa ko ari abanyamahanga.
Umwe mu bashigikiye cane iryo tegeko yavuze ko bikenewe ko bashimangira yuko kugura umubiri w'umuntu atari ibinti bisanzwe.
Umugwi mutoyi w'abatunzwe n'ako kazi bagize imyiyerekano hanze y'imana nshingamateka, bitwaje ivyapa biriko inyandiko zigira ziti "Ntimumbohore, nzokwimenya."