Amatora ya kamarampaka muri Darfur

Ahavuye isanamu, AFP/Getty
Kamarampaka izogeza kwa gatatu
Amatora ya kamarampaka amazomara iminsi itatu, azotuma bahitamwo nimba akarere ka Darfur kaguma kagizwe n'intara zitanu canke kakaba intara imwe.
Kamarampaka mu karere ka Darfur, yatunganijwe mu nzira y'umugambi w'amahoro hagati y'ubutegetsi bwa Sudani n'ababurwanya barondera ubwigenge.
Imirwi imwe iteganya kutitabira ayo matora, bavuga ko atari ayo kwizigirwa.
Ariko perezida Omar al-Bashir, asanzwe aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha y' a La Haye, avuga ko ivya nkenerwa kugirango habe amatora mu mwidegenvyo bihari.