Amatora ya kamarampaka muri Darfur

Amatora azomara iminsi itatu

Ahavuye isanamu, AFP/Getty

Insiguro y'isanamu,

Kamarampaka izogeza kwa gatatu

Amatora ya kamarampaka amazomara iminsi itatu, azotuma bahitamwo nimba akarere ka Darfur kaguma kagizwe n'intara zitanu canke kakaba intara imwe.

Kamarampaka mu karere ka Darfur, yatunganijwe mu nzira y'umugambi w'amahoro hagati y'ubutegetsi bwa Sudani n'ababurwanya barondera ubwigenge.

Imirwi imwe iteganya kutitabira ayo matora, bavuga ko atari ayo kwizigirwa.

Ariko perezida Omar al-Bashir, asanzwe aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha y' a La Haye, avuga ko ivya nkenerwa kugirango habe amatora mu mwidegenvyo bihari.