John Kerry, ni we mutegetsi akomeye wa USA ageze Hiroshima

Abashikiranganji 7 ba G7 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abashikiranganji bambitswe imigufu ikoze mu mpapuro z'amabara y'amabendera y'ibihugu vyabo

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Leta zunze Ubumwe za Amerika John Kerry yabaye umutegetsi wa mbere w'ico gihugu agendeye icibutso ca Hiroshima mu Buyapani, aho bwibuka igisasu co mu bwoko bwa 'bombe atomic' cakoreshejwe ubwa mbere kw'isi..

Abaye umushikiranganji wa mbere wa Amerika ageze Hiroshima, ahaguye abantu 140,000 bishwe na 'bombe atomique' yatewe na leta zunze Ubumwe za Amerika mu 1945.

Bwana Kerry yahahuriye n'abashikiranganji b'imigenderanire b'ibindi bihugu bigize umurwi w'ibihugu bitunze kw'isi G7 bari mu biganiro muri uwo muji.

Bashize ingori z'amashurwe kuri ico cibutso, bafata n'umunota w'agacerere.

Abo bashikiranganji bagiye aho ico gisasu caguye, no ku nyubakwa ndagakahise ya Hiroshima, yerekana amakuru y'umwe wese mu bapfuye.

Bwana Kerry yanditse mu gitabo c'abashitsi, ko ari ibigaragararira buri wese ko atari ngombwa guca burundi ibirwanisho bokozwe mu buhinga bwa nucleair gusa, ariko ahubwo ari na ngombwa kwirinda intambara ubwayo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umushikiranganji w' imigenderanire w' Ubwongereza Philip Hammond , n'uwa Amerika John Kerry baramutswa n'abanyeshure b'Abayapani

Habaye iki Hiroshima?

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umupfunda w'imyotsi waduze ahaze guterwa 'bombe atomique' i Hiroshima
Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hafi umuji wose warahiye buyonga

Hari isaha zibiri (08:10) i Hiroshima kuwa 06/08/1945, igihe indege ya Amerika US B-29 yamanura igisasu gikozwe muri uranium bataziriye "Little Boy" ku muji wa Hiroshima.

Caturikiye ku metero 600 z'ikibanza c'umuzingi ubu bataziriye 'peace Dome' .

Abantu 70,000 baciye bapfa ubwo nyene. Nayo abagera ku 140,000 bari bamaze gupfa mu mpera z'umwaka, barimwo abahitanywe n'ingaruka z'imishwarara y'ico gisasu.

Ico gitero, kumwe n'ikindi gisasu catewe ku muji wa Nagasaki inyuma y'iminsi itatu, vyatumye Ubuyapani buhagarika kurwana mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi.

Kuki ururgendo rwa Kerry rufatwa nk'urukomeye?

Umukuru w'inama nshingamateka Nancy Pelosi yagendeye Hiroshima mu 2008, ariko abandi bategetsi ba Amerika birinze cane ingendo zo ku mugaragaro.

Abenshi muri bibaza ko gutera ivyo bisasu vyari ngombwa kugirango intambara ihagarare, bakaba badashaka ko abategetsi bahagendera ngo ntibiboneke nk'aho ari ugusaba imbabazi canke kwicuza.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption John Kerry (agira 2 uva ibubanfu) yashize urugori rw'amashurwe ku cibutso ca Hiroshima ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Fumio Kishida n'abandi bo muri G7
Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption John Kerry na Fumoi Kishida babonanye bafatanye amaboko hafi y'icibutso ca Hiroshima

Bwnaa Kerry yavuze ko umwanya amaze muri Hiroshima uzotuma yibuka kahise yibuke n'abasize ubuzima Hiroshima, ariko ngo urugendo rwiwe rwerekeye igihe c'ubu na kazoza.

Urwo rugendo rubaye kandi mu gihe bariko barashiramwo inguvu mu gukomeza imigenderanire hagati ya Leta zunze za Amerika n'Ubuyapani , na burya hari umwitwarariko ku ngendo y'Ubushinwa bukomeza gutatira amazinga yo mu karere n'ibindi bihugu biri kumwe n'Ubuyapani.

Birashoboka ko hazoba izindi ngendo?

Perezida Obama azokwitaba inama ya G7 ahandi mu Buyapani mu kwezi kuza, biravurwa ko ashobora guca gatoya i Hiroshima.

Hamwe yohaca, buzoba bubaye ubwa mbere umukuru w'igihugu wa Leta zunze Ubumwe za Amerika agendeye Hiroshima.