Umunyamakuru wa al-Shabab Hassan Hanafi yahawe igihano co gupfa

Ahavuye isanamu, Reuters
Hassan Hanafi yafasheje al-Shabab kurondera abo yica
Umunyamakuru wo muri Somalia, yafashije al-Shabab kwica bagenzi we batanu, yahanishijwe kwicwa arashwe.
Hassan Hanafi, yigeze kuba ubwiwe umunyamakuru yubashwe, yahawe na sentare ya gisirikare igihano co gupfa mu kwezi guheze, ku murwa mukuru Mogadishiu.
Yafashije umuhari al-Shabab kurondera abo wica mu banyamakuru, mu gihe c'umwaka 2007 kugeza 2011.
Yahambije ishami ry'uwo muhari rirwana, amaze igihe akora kuri radiyo Andalus, ivugira uwo muhari al-Shabab.
Abanyamakauru bagera ku 25 barishwe kuva mu 2007 muri Somalia, nk'uko bimenyeshwa n'umurwi wishinze gukingira abanyamakuru.
Umunyamakuru wa BBC Mohammud Ali avuga ko igihe yari muri al-Shabab, Hanafi yahora ahamagara abanyamakuru abatera ubwoba, ababwira ko bashobora kwicwa hamwe batokwemera kuja muri uwo muhari.
Al-Shabab wagavye ibitero vyinshi ku murwa mukuru Mogadishiu no mu yindi miji, kandi uracifatiye ibindi bice vyo mu bumanuko bw'igihugu.
Ikarata ya Somalia