Obama: Kudateganya kazoza ka Libya ryabaye ikosa rinini'

Barack Obama na Chris Wallace

Ahavuye isanamu, Fox News

Insiguro y'isanamu,

Barack Obama na Chris Wallace

Perezida Barack Obama yemeye ko kudateganya kazoza ka Libya inyuma yo gutembagaza ubutegetsi bwa Muammar Gaddafi ari ryo kosa rikomeye yakoze mu butegetsi bwiwe.

Bwana Obama yariko yishura ku bibazo ku bijanye n' ibihe vyaranze ubutegetsi bwiwe, kuri tereviziyo Fox News.

Yavuze ariko ko ku kugira uruhara mw'itembagazwa ry' ubutegetsi bwa Libya vyari ngombwa.

Leta zunze Ubumwe za Amerika n'ibindi bihugu vyagavye ibitero vyari bigenewe gukingira abanyagihugu mu migumuko yo mu mwaka wa 2011.

Ariko inyuma y'urupfu rwa perezida Gaddafi, LIbya yagiye mu kajagari, ubu hakaba hari inama nshingamteka zibiri na leta zibiri

Umuhari wiyita IS yashize imizi muri Libya, ico gihugu gihinduka amarembo y'abashaka ubuhunzi mu bihugu vya Bulaya.

Mu ntango z'uku kwezi hashinzwe leta y'Ubumwe ariko n'ubu ntirashikira amabanga.

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Uwukuriye ishami ryifatiye akarere k'uburengero bw'igihugu yavuze ko azohana umushikiranganji wiwe wese azohirahira agakorana n' ubutegetsi bushigikiwe n' ishirahamwe mpuzamakungu.

Ivyo biteye kubiri n'ivyo yari yamenyesheje kare, ko abashikiranganji biwe bazoca bakinjura.

Perezida Obama yavuze bike ariko bikomeye mu kiganiro yagiranye na Chris Wallace:

CW: Nirihe kosa rya mbere rikomeye wicuza?

Obama: Kumbure kuba ntarateganije icari gukwirikira, inyuma y'umunsi nakora ico nibaza cari gikwiye gukorwa, n'ukuvuga kugira uruhara muri Libya

S'ubwa mbere perezida Obama yicuza ku vyerekeye Libya, yari yavuze mu kwezi guheze ko igikorwa co gukura ubutegetsi bwa Libya cagenze uko yavyifuza, ariko ubu harangwa 'akajagari'.

Muri ico kiganiro, yaneguye Ubufaransa n' Ubwongereza , aho yavuze ko Umushikiranganji w ambere w' Ubwongereza David Cameron 'yasamaye' inyuma y' itembagazwa ry'ubutegetsi bwa Libya.

Bwari ubwa mbere ahwituye somambike wiwe, ivyo bikaba vyararakaje ubutegetsi bw'Ubwongereza.

Umuntu ariko yitegereza ahasambuwe n'ibitero

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Imirwi mikeba ihanganiye gutegeka Libya

Perezida Obama yabwiye FOX news ko ikimushimisha mu vyo yaranguye ar'uko yaramiye ubutunzi bw'igihugu bwari ku manga.

Nayo umunsi mwiza mu butegetsi bwiwe ngo ni igihe yahitisha itegeko ku bwishingizi mu magara y'abantu.

Ariko umunsi mubi, ngo n'umunsi yumva ubwicanyi bwabaye hakoreshejwe inkoho kw'ishure Sandy Hook