Boko Haram ikoresha abana cane mu bitero vy'abiyahuzi

UNICEF ivuga ko Abana n'abagore bagize 37% vy'abagaba ibitero vy'abiyahuzi
Ikoreshwa ry'abana mu bitero vya Boko Haram nk'abiyahuzi, vyaragwiriye cane kuva mu mwaka uheze, aho umwe kuri batanu mu bagaba ivyo bitero usanga ari abana.
Ivyo bimeneyshwa n'ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho abana, UNICEF.
Abana b'abakobwa, usanga bahawe ibiyovyabwenge, bagize ibice 3/4 vy'abagaba ibitero vya Boko Haram muri Cameroun, Nigeria na Chad.
Ivyo bitigiri vyikuvye incuro 11, ugereranije no mu mwaka wa 2014, aho abana bane aribo batumwe muri ivyo bitero, ariko mu mwaka uheze kugeza mu kwa mbere kw'uyu mwaka, bageze kuri 44.
Guhindura umukenyuro kw'uwo murwi Boko Haram, gushobora kuba kwatumwe no gutakaza ibirindiro kwabo muri Nigeria
Intambara za Boko Haram zimaze imyaka indwi, zagize ingaruka nini cane cane mu buseruko bushira uburaruko bw'igihugu, no mu bihugu bibanyi nka Chad, zikaba zahitanye abantu 17 000.
UNICEF ivuga ko abana bagera kuri miriyoni 1.3 bakuwe mu ngo zabo mu bihugu vya Cameroun, Chad, NIgeria na Niger.
Haraheze imyaka 2 abana b'abakobwa banyurujwe na Boko Haram, bakuwe mu buraro kw'ishure rya Chibok muri Nigeria.
Haciye hatangura isekeza bise 'Bring Back Our Girls', ariko nta n'umwe araboneka.
Boko Haram n'iki muri make:
Ahavuye isanamu, Screengrab
Abayoboke ba Boko Haram bagaragara mu masanamu bafise ibirwanisho bikomeye
- Boko Haram yashinzwe mu 2002, itangura ivuga ko irwanya inyigisho z'abanya Bulaya -Boko Haram n'ukuvuga ngo -'inyigisho nk'izo abanya Bulaya zirabujijwe' - mu rurimi rw'igi Hausa.
- Yatanguje intambara mu 2009
- Abagera ku bihumbi barishwe, ahanini mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, abandi bagera ku majana bafatwa mpiri , harimwo abakobwa bo mw'ishure rya Chibok 200
- Bahavuye bahanvya umurwi Islamic State, biyita 'intara ya Islamic State yo mu burengero bwa Afrika'
- Bafashe igice kini ni c' Ubuseruko bushira uburaruko bwa Nigeria bise 'caliphate' canke ubutaka bw'Abayislamu
- Igice kinini Boko Haram yari yarifatiye caragarujwe n'ingabo za Leta.