Abanya Taiwan bari muri Kenya bajanywe mu Bushinwa ku nguvu

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Ubushinwa ntibwemera Taiwan nk'igihugu cigenga
Abategetsi muri Taiwan bagiriza leta ya Kenya gukoresha inlkoho n'imyuka irakira mu guhata abanya Taiwan 37 kwurira indege ibajana mu Bushinwa.
Abandi banya Taiwan umunani bari bajanywe mu Bushinwa ku munsi wa mbere, bituma Taiwan yagiriza Ubushinwa kubanyuruza.
Ubushinwa bwasavye Kenya gushigikira umuigambi wabwo wo kwiyita igihugu kimwe kitagabuye, kirimwo na Taiwan.
Leta y'Ubushinwa ifata Taiwan, cigenga kuva mu 1950, nk'intara y'Ubushinwa yiyonkoye ku gihugu kandi itegerezwa kugisubirako.
Ubushinwa buvuga ko ibindi bihugu bidakwiye gufata ko Ubushinwa na Taiwan ari ibihugu bibiri, ivyo bikaba vyatumye Taiwan igirana imigenderanire n'ibindi bihugu bike cane.
Taiwan nta migenderanire yo mu rwego rwa diporomasi ifitanye na Kenya.

Ahavuye isanamu, AFP
Iki capa cagiriza Ubushinwa kunyuruza abanya Taiwan 8, kigasaba ko basubizwa muri Taiwan
Ubushikiranganji bw'imigenderanire muri Kenya, buremeza ko uno munsi hari abanya Taiwan 22 baregwa magendu, burijwe indege ija mu Bushinwa, n'ubwo uhagarariye Taiwan muri Afrika y'epfo, John Chen, abivuga.
Abandi banya Taiwan 15 bagizwe abere, nabo nyene bategetswe kujana n'abandi muri iyo ndege, nk'uko bwana John Chen abivuga.
Abategetsi bavuga ko bamwe mu birukanywe bari bankiye igipolisi ca Kenya kwinjira aho bapfungiwe.
N'abo mu biro vy'uhagarariye Ubushinwa niho bari.
Umuvugizi wa leta ya Kenya, Eric Kiraithe avuga ko ivyo bakoze bihuye n'amategeko.
Ivuga ko sentare za Kenya zakwirikije amakuru yashoboye kuboneka, ahakana ivyo yise 'kwibarira kw'abanyamakuru'.
Umuvugizi wo mu biro vy'umushikiranganji w'intwaro yo hagati wa Kenya yabwiye ikigo c'ittangazamakuru Reuters ko abantu 37 'baturuka mu Bushinwa, kandi ko babashubije mu Bushinwa'.
Yashimangiye ko Kenya ifise inshingano zo kumenya niba abantu bari mu gihugu mu buryo budakurikije amategeko, kandi ko basubizwa iyo baje bava.
Ku kiabzo c'irungikwa ry' abo banya Taiwan mu Bushinwa, umuvugizi wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire y'Ubushinwa Lu Kang, we yavuze ko kwemera ko Ubushinwa na Taiwan ari igihugu kimwe, ariyo ngingo ibanziriza kwemera imigenderanire n'ibindi bihugu, avuga ko ashima kubona Kenya yakomeje guhagarara kuri iyo ngingo.