Abagirizwa kudeta baregwa n'imigumuko
Mu Burundi uyu munsi hakomeje urubanza rw'abagirizwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu kwa gatanu mu mwaka uheze.
Muri urwo rubanza rugeze mu gisata c'iyungururizo, umushikirizamanza avuga ko hari isano hagati y'iryo geragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi n'ivyo yita imigumuko yatanguye itariki ya 26 ukwezi kwa kane umwaka uheze.
Umushikirizamanza avuga ko ivyononywe ico gihe vyose bikwiye kubazwa abo bashatse gutembagaza ubutegetsi, gutyo bakazotanga indishi kuri bene vyo.
Batatu ba mbere bumvirijwe ku bafise ipete rya jenerari mu gipolisi no mu gisirikare bari ku rutonde rw'abari kuburana ejo kimwe na jenerari Cyrille Ndayirukiye bose basangiye kuba baciriwe gupfungwa ubuzima bwose.
Abo ni Zenon Ndabaneze, Hermenegilde Nimenya, na Juvenal Niyungeko batazira Kiroho.
Jenerari Niyungeko niwe yagirizwa ko ku mugoroba w'umunsi hageragezwa iryo tembagazwa ariwe yagiye guturira Radio na tereviziyo Rema FM yakorera mu kajaga ku bilometero nka bitanu uvuye hagati mu gisagara ca Bujumbura.
Jenerari NIyungeko yagirizwa kandi kuja kurekuza abantu bari bapfungiwe muri commissariat y'igipolisi mu gisagara ca Bujumbura.
Aho umushikirizamanza avuga ko hasahuwe ibigwanisho hanaturirwa inyandiko nyinshi.
Ivyo vyose Juvenal Niyungeko arabihakana, avuga mbere ko uwu munsi yiriwe aho yariko arubakisha inzu yiwe.
Uretse ivyo yagirizwa ku gatwe kiwe, umushikirizamanza avuga ko ivyabaye vyose biri ku gatwe ka bagenzi we bose kuko bari basangiye umugambi kuva mu nteguro.
Yaba Niyungeko, yaba Nimenya canke Ndabaneze bose nta n'umwe yigeze yemera ko hari umugambi bateguriye hamwe.
Bose bavuga ko umwe umwe ku gatwe kiwe yemeye gukora ico yari asabwe na jenerari Godefroid Niyombare ariwe yari kw'isonga ry'uwo mugambi.
Ku ntambara zabaye muri iyo minsi zahitanye abasirikare n'abapolisi, abo uko ari batatu bahakanye ko ataruhara babifisemwo haba kubikora ubwabo canke kubitangira amategeko .
Umushikirizamanza yavuze kandi ko yunguruje urubanza kuko umucamanza wa mbere mu gufata ingingo atigeze ashingira kw'isano riri hagati y'igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi n'imigumuko yo kuva ku wa 26 ukwezi kwa kane.
Naho nyenje abireguye bose bahakana ko ata sano na rito rihari, aho bagafatira ku mutahe barungikiwe urubanza rugitangura.
Uwo umutahe wavuga ko ivyaha bakurikiranwako vyakozwe itariki 13 na 14 ukwezi kwa gatanu.
Aho umushikirizamanza avuga ko uwo mutahe wari ukiri integuro, projet mu gifaransa, ariko abiregura bavuga ko bamufatira ku vyo yashikirije ariko arasozera imburano ngo kuko naho nyene yagarutse kuri ayo matariki nyene.
Urubanza ruzobandanya kuri uri uyu wa gatatu.