Ingwara ya Fievre jaune imaze gutwara 21 muri DR Congo

Abantu barindiriye urucanco rwa fievre jaune i Luanda, Angola (15 /02 /2016)

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Fievre jaune imaze kwigaragaza cane muri Angola

Ikiza c'ingwara ya Fievre jaune iteye bwa nyonko kimaze kwigaragaza muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo, kimaze guhitana abantu 21, ishirahamwe ryitaho amagara y'abantu kw'isi OMS rikavuga ko coba caturutse mu gihugu kibanyi ca Angola.

OMS imenyesha mw'itangazo ryayo ko abahitanywe n'iyo ngwara bapfuye hagati y'ukwezi kwa mbere n'ukwa gatatu, abamaze kumenyeakana ko bafashwe bakaba baharurwa mu 151.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko hari impungenge ko iyo ngwara ikomeza kurandagata no mu gihugu kibanyi ca Congo.

Iyo ngwara yandukira iciye mu mubu, imaze guhitana abantu 225 muri Angola, nayo 1600 baramaze gufatwa.

OMS imenyesha ko abategetsi ba Congo barinze gushiraho umurwi ujejwe kwiga ku buryo bohangana n'ico kiza, bagacunga no ku mbibe z'igihugu

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Umubu wo mu bwoko bwa Aedes aegypti niwo utera ingwara ya Fievre jaune

Abantu baja mu gihugu ca Angola ubu, OMS ivuga ko babwirizwa guhabwa incanco za Fievre jaune.

Fievre jaune n'ingwara itera kuva amaraso, jaundice (akenshi ibinekera mu guhinduka amaso agasa n'umuhondo), igasinzikaza amafyigo.

Ikwiragizwa n'imibu, cane cane yo mu bwoko bwa Aedes aegypti, ubwo bwoko akaba ari nabwo bukwiza umugera wa Zika.

Iyo ngwara iboneka cane mu turere twa Afrika na muri Amerika y'amaja epfo, turi hagati y'imirongo ya "tropiques".

Urucanco rurashobora gukingira, ariko nta muti uyivura uboneka ku wumaze gufwatwa.