Umusirikare w'Umufaransa yiciwe muri Mali

Umusirikare umwe w'Umufaransa ari mu gikorwa co gukizura ku kivuko ca Korioume hafi ya Timbuktu

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abasirikare b'Ubufarasna batari munsi ya 3,500 bari mu karere ka Sahel mu gikorwa bise 'operation Barkhane' co kurwanya iterabwoba.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu w'Ubufaransa bimenyesha ko umusirikare w'umufaransa yishwe mu gihe bari mu gikorwa ca gisirikare mu buraruko bwa Mali.

Uwo musirikare yahitanywe n'igisase cari giteze, igihe yari mu modoka ya gisirikare..

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buvuga ko urwo rukurikirane rw'amamodoka, rwariko ruragana mu buraruko bwa Mali zivuye mu gisagara ca Gao zija Tessalit, igihe ico gisase caturika.

Abandi basirikare batatu bari muri iyo modoka bakomeretse.

Abasirikare bashika 3500 b'Ubufaransa bari mu bihugu bitanu biri mu karere ka Sahel mu gikorwa kirongowe n'ico gihugu co kurwanya imihari y'iterabwoba yatanguye mu 2014.

Ikarata ya Mali

Perezida Francois Hollande yavuze ko afise umubabaro kubona uwo musirikare yatakarije ubuzima akiri muto mu gikorwa c'iteka ku gihugu.

Ubufaransa bufise ingabo muri Mali kuva mu 2013, igihe bwatangura igikorwa co kurwanya abarwanyi bishismikiza idini rya Islamu mu gice c'uburaruko bw'ico gihugu