Ihiganwa mu Bwongereza buca ribandanya

Riyad Mahrez
Insiguro y'isanamu,

Riyad Mahrez Umwe mu bakinnyi bakomeye ba Leicester City

Ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu gihugu c'Ubwongereza rirabandanya kuri uyu wa Gatandatu no ku w'Imana.

Ku musi wa Gatandatu, Norwich izokina na Sunderland, Everton na Soutampton, Manchester United na Aston Villa ku kibuga ca Old Traford, Newcastle na Swansea City, West Brom na Watford hanyuma Chelsea bahure na Manchester City.

Ku musi w'Imana. Leicester ubu iri kw'isonga bazokinira iwabo na West Ham, Bournemouth bakine na Liverpool mu gihe Arsenal bazoba bariko barakina na Crystal Palace.