Papa yagendeye abimukira i Lesbos mu Bugereki

Ahavuye isanamu, Reuters
Papa Francis yakiriwe n'umushikiranganji wa mbere Alexis Tsipras (hagati) n'umukuru w'aba Orthodox, Patriarch Bartholomew
Umwungere wa Ekleziya katolika yagendeye izinga rya Lesbos mu Bugereki, mu ntumbero yo kwerekana ko yifatanije n'abari mu bibazo bagerageza guhungira ku mugabane wa Bulaya.
Papa Francis aragendera ikigo giteye bwa bohero abahunga bapfungirwamwo mu kurindira gufatirwa ingingo.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Abatanga infashanyo bavuga ko abimukira bapfungwa mu bigo bitameze neza na mba
Abajejwe gutanga infashanyo bavuga ko ubuzima muri ico kigo butameze neza namba.
Araza kandi guhura n'abana bo muri iyo kambi bahunze batari kumwe n'abavyeyi, imbere yo gufata umunota w'agacerere mu kwibuka abapfiriye mu nzira bajabuka Mediterranee.
Igihe yafata indege ava i Roma, Papa yabwiye abanyamakuru ko urwo rugendo rwiwe rwerekeye ico yise " inzira ibabaje" -n'akaga gakomeye karwiriye kiremwa muntu ku mugabane wa Bulaya kuva intambara ya kabiri y'isi irangiye.