Kyushu: Ubutabazi inyuma ya nyamugigima

Bamwe barakekwa ko bakiri mu bihomoka

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Inzu zitari nke zarabomotse

Abajejwe ibikorwa vy'ubutabazi ntiborohewe mu Buyapani, inyuma ya nyamugigima zibiri ziherutse kwikwirikiranya guca mw'izinga rya Kyushu.

Abantu batari munsi 29 nibo bamaze kumenyakana ko bapfuye -bahitanywe n'izo nyamugigima zarimwo iyifise umurindi wa 7.3.

Ahavuye isanamu, AFP/DEFENCE MINISTERY?JIJI PRESS

Insiguro y'isanamu,

Nyamugigima yateye ibimanga mu misozi

Abandi benshi bashobora kuba bakizibiranirijwe mu bihomoka vy'amazu yasenyutse.

Amabarabara n'ibiraro vyarasenyutse, bigatuma abari kure mu misozi bakeneye gutabarwa bashikirwa bigoranye.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abasirikare barungitswe gufasha abapolisi n'abandi batabazi

Igisirikare naco catumweko kuja gufasha, umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe, yasibije urugendo yateganya muri Kyushu, avuga ko uno munsi bitaza kworoha gukomeza ibikorwa vyo gutabara kubera ikirere kibi.

Imiyaga n'imvura vyitezwe bishobora gutuma imisozi ibomoka (inkangu).