Kyushu: Ubutabazi inyuma ya nyamugigima

Ahavuye isanamu, EPA
Inzu zitari nke zarabomotse
Abajejwe ibikorwa vy'ubutabazi ntiborohewe mu Buyapani, inyuma ya nyamugigima zibiri ziherutse kwikwirikiranya guca mw'izinga rya Kyushu.
Abantu batari munsi 29 nibo bamaze kumenyakana ko bapfuye -bahitanywe n'izo nyamugigima zarimwo iyifise umurindi wa 7.3.
Ahavuye isanamu, AFP/DEFENCE MINISTERY?JIJI PRESS
Nyamugigima yateye ibimanga mu misozi
Abandi benshi bashobora kuba bakizibiranirijwe mu bihomoka vy'amazu yasenyutse.
Amabarabara n'ibiraro vyarasenyutse, bigatuma abari kure mu misozi bakeneye gutabarwa bashikirwa bigoranye.
Ahavuye isanamu, AFP
Abasirikare barungitswe gufasha abapolisi n'abandi batabazi
Igisirikare naco catumweko kuja gufasha, umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe, yasibije urugendo yateganya muri Kyushu, avuga ko uno munsi bitaza kworoha gukomeza ibikorwa vyo gutabara kubera ikirere kibi.
Imiyaga n'imvura vyitezwe bishobora gutuma imisozi ibomoka (inkangu).