Urugendo rwa Federica Mogherini muri Iran

Federica Mogherini (ibubanfu) na Mohammad Javad Zarif

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Federica Mogherini n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Iran Mohammad Javad Zarif

Uwujejwe imigenderanire mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa BUlaya yari mu biganiro bikomeye n'igihugu ca Iran.

Federica Mogherini yajanye n'umurwi w'abandi bategetsi b'Ubumwe bwa Bulaya bagera kuri ndwi, muri ivyo biganiro bije bikurikira amasezerano yashitsweko mu mwaka uheze ku bijanye n'ikoreshwa ry'ubuhinga bwa 'nucleair' bw'ico gihugu ca Iran.

Urwo rugendo rwiwe kandi rutanguje ikiringo gishasha c'ubucuti hagati y'Ubumwe bwa BUlaya na Iran.

Mu vyo impande zompi zifuza kuvuganako harimwo ibidukikije, amasoko ntanganguvu hamwe no guhanahana ibidandazwa.

Perezida wa Iran Hassan Rouhani yagiranye ibiganiro na mugenzi we wa Turkiya Recep Tayyip Erdogan mu ngoro yiwe i Ankara.

Bivugwa ko boba baganiriye ku kibazo ca Syria no gukomeza guhanahana ibidandazwa.

Naho Iran yakuriweho bimwe mu bihano, ibifatiye ku gateka ka zina muntu n'iterabwoba biracahari.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Iran yiteze gukurwako ibihano bifatiye ku ma banki.

Umupfasoni Mogherini - yabwiye abanyamakuru ko umugambi w'Ubumwe bwa Bulaya uri mu ntumbero yo gushira mu ngiro ku vyo bumvikanye na Iran.

Intumbero ya Iran yo ngo n'ukurondera ko bagira uruhara ku masoko y'amafaranga nk;'uko bimenyeshwa n'umushikiranganji w'imigenderanire Mohammad Javad Zarif.

Bwana Zarif ahamagarira Abanyamerika gukuraho inzitizi mu gisata c'amabanki.

Federica Mogherini avugana n'abategetsi ba Iran ku bihano bisigaye kuri ico gihugu, n'ico yise ikibazo kimuraje ishinga -n'ukuvuga kurangiza intambara ya Syria, ku buryo vyotuma ikibazo c'abimukira bisuka ku mugabane wa Bulaya gicureha.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Perezida wa Iran Hassan Rouhani (ibubanfu) yashize igikumu ku masezerano menshi na Recep Tayyip Erdogan wa Turkiya i Ankara kuri uyu wa gatandatu

Ubumwe bwa BUlaya bubona ko kuvugana na Iran, igihugu gifise uruhara mu ntamabra ya Syria, bishobora kuba kimwe mu nyungu nyamukuru bakura mu masezerano ya nucleair.

Abategetsi ba Iran bavuga ko bafuza gukomeza iyi migenderanire, na cane cane kubera ibiganiro biriko biraba Tehran kuri uyu wa gatandatu, Iran itoshobora kubigirana na Leta zunze Ubumwe za Amerika kubera amarangamutima ya politike, nk'uko bivurwa n'abanyamakuru.