Ingabo za Equateur zagiye gutabara

Insiguro ya video,

Amateur video shows the moment the earthquake struck

Ibikorwa vyo gutabara birakomeza muri Equateur, inyuma ya nyamugigima zibiri zahikwirikiranije zigahitana abantu 233. Abasirikare 10 000 n'aba polisi 3500 barungitswe mu bice vyababaye kuruta ahandi.

Nyamugigima yari ifise umurindi wa 7.8 yadutse muri Equateur, abantu 233 barapfa abandi barenga 500 barakomereka , nk'uko bimenyeshwa n'icegera c'umukuru w' igihugu Jorge Glas.

Iyo nyamugigima yadutse mw'ijoro ryakeye ku nkengera z'amazi mu muji wa Muisne.

Ivyononekaye bivurwa ko ari vyinshi, kandi ku kirere kire kire, ndetse vyageze ku birometero 300 mu bumanuko nka Guayaquil aho ikiraro caho cabomotse.

Haciye hashirwaho ingingo z'umukwabu mu ntara zitandatu, ingabo za leta nazo zaciye zitegurira ibikorwa vyo gutabara.

Iyo nyamugigima yambere ikomeye iciye muri Equateur kuva mu 1979, yumvikanye gushika no ku murwa mukuru Quito.

Perezida Rafael Correa yaciriye hagati urugendo yarimwo mu Butariyano, asubira mu gihugu. Yahamagariye abanyagihugu kuguma batekanye, aho abicishije mu butumwa bwa Twitter yahojeje imiryango yabuze.

Bwana Glas yavuze ko abantu bagera ku 233 bahasize ubuzima, 588 barakomereka, amenyesha ko ivyo bitigiri bishobora no kwiyongera.

Yasavye cane cane ababa mu muji wa Portoviejo, kuguma batekanye.

Gabriel Alcivar, umukuru w'igisagara ca Pedernale, ahegereye urubumbiro rw'iyo nyamugigima, yavuze ko bariko barakora ivyo bashoboye, ariko ko 'ata kinini bashobora gukora'.

Bwana Alcivar yagize ati: " Iyi si inzu imwe yasenyutse, n' igisagara cose casambutse".

Carla Peralto, umwe mu baba i Boyaca, kamwe mu duce twononekaye kuruta ahandi yabwiye BBC 'atari bwigere yumva ikintu giteye ubwoba nk'uko mu buzima bwiwe".

Humvikanye imirindi y'utundi tunyamugigima twakwirikiye, umunini wari ufise urupimo rwa 5.4.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abantu babiri bariko bakurwa mu bihomoka mu muji wa Manta

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Mantahari mu hononekaye cane

Mu bice bimwe vy'umurwa mukuru nta muyagankuba uharangwa.

Abanyamakuru bavuga ko ihinguriro rikuru ry'amavuta ya peterori ryugawe ku mvo zo kwirinda impanuka.

Igihugu kibanyi ca Peru catanze imburi ko hashobora kwaduka igihuhusi ca Tsunami ku nkengera z'amazi mu buraruko.

Iyo nyamugigima yashitse no muri Colombia, aho abantu bari mu bitaro vya Cali, basohowe ku gutinya ko amazu abagwako.

Equateur ikunda kwizizirwa na nyamugigima, kubera iri mu gace bita 'umuzunguruko w'umuriro' mu karere k'ibahari Pacific.