Brezil: impari kuri perezida

Dilma Rousseff Uwufise ububasha kw’isanamu other
Image caption Dilma Rousseff

Inama nshingamateka ya Brezil itanguye amatora yo guhitamwo kwemeza canke guhakana ingingo yo gukura icizere ku mukuru w'igihugu Dilma Rousseff.

Abanya Politike bakozanijeko mu nyubaskwa z'ingoro y'inama, abashigikiye Rousseff batera mu gahogo bagiriza abatavuga rumwe n'ubutegetsi gushaka kubutembagaza.

Umupfasoni Rousseff yagirizwa ko yahishije uko ama konte yifashe mu ntumbero yo kunyegeza ikimanga kiri mu kigega c'igihugu, imbere y'uko yongera kwitoza mu 2014.

Abamwifuza bategeregukwiza amajwi agera kuri 2/3 vy'abagize inama nshingamateka, kugira ico kibazo gishikanwe imbere y'inama nkenguzamateka.

Abantu bashwabadukiye ku nyubakwa z'ingoro y'inama nshingateka mu muji wa Brasilia, ahubatswe uruzitiro rw'ivyuma mu ntumbero yo kwigiza kure abashobora kuza kuhakorara imyiyerekano.