Riek Machar ntarashika i Juba

Riek Mashar Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Riek Machar yiteze kuba visi perezida muri leta nshya iyobowe na Perezida Salva Kiir

Umukuru w'abarwanyi bo mu gihugu ca Sudani y'epfo, Riek Machar ntiyagarutse mu gisagara ca Juba uyu musi, nk'uko vyari vyitezwe.

Umuvugizi wiwe yavuze ko ukugaruka kwiwe kwashizwe ku musi w'ejo, kubera imyiteguro.

Vyari vyitezwe ko agaruka uyu musi kuja mu kibanza c'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, nk'uko bitegekanijwe mu masezerano yatumye intambara zari zimaze imyaka ibiri zihagarara.

Dr Machar yavuye mu gisagara ca Juba inyuma y'aho intambara yadukiye mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka 2013.

Abantu barenga imiliyoni zibiri barataye izabo, abandi ibihumbi n'ibihumbi baricirwa muri iyo ntambara.

Sudani y'epfo yiyonkoye ku gihugu ca Sudan mu kwezi kw'indwi mu mwaka 2011.

Dr Machar yari icegera c'umukuru w'igihugu Salva Kiir imbere y'uko iyo ntambara yaduka.

Mu masezerano y'amahoro yashizweko umukono mu kwezi kw'umunani mu mwaka uheze, James Wani Igaa, ubu ari we cegera c'umukuru w'igihugu, azobandanya muri ico kibanza.

Dr Machar ariko azoba afise ubutegetsi kumusumba.