Ethiopia irashaka kurokora abana banyurujwe

Ikarita y'akarere Ethiopia irimo

Igisirikare ca Ethiopia kiriko kiragerageza gutabara abagore n'abana 108 banyurujwe mu gitero cagizwe mu ntara yo mu rubibe mu buseruko bw'ico gihugu, nk'uko reta ibivuga.

Muri ico gitero co ku wa gatanu, cahitanye abantu 208, cagirizwa abo mu bwoko bw'aba Murle bo mu gihugu kibanyi ca Sudani y'epfo.

Reta yavuze ko igisirikare cishe abarwanyi 60 muri abo bateye.

Umushikiranganji wa mbere, Hailemarian Desalegn, ariko arashikiriza ijambo abanyagihugu ku w'Imana, yavuze ko reta iriko irasaba uburenganzira bwo kujabuka urubibe kurwanya abo barwanyi bari kumwe n'igisirikare ca Sudani y'epfo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ministri w'intebe wa Ethiopia Hailemariam Desalegn

Prezida Hailemarian yavuze ko baba abasirikare ba Sudani canke abasanzwe babarwanya bakoresheje ibirwanisho, ata n'umwe yagirizwa ico gitero.

Uwo mushikiranganji wa mbere yongeyeko ko "imigwi y'abicanyi isanzwe igandagura abantu ngaha mu bihe bitandukanye iva mu kibanza ija mu kindi".