Mu ntara ya New York, haraca uwambaye mu matora

Hillary Clinton n'umgabo we Bill Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hillary Clinton n'umgabo we Bill

Abashaka kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu muri Amerika ku mpande zose, uyu musi barahiganirwa amajwi mu ntara ya New York.

Kubahiganwa mu mugambwe w'aba democrats, Bernie Sanders yakuriye mu gisagara ca New York, hanyuma Hillary Clinton yabaye umukenguzamateka w'iyo ntara.

Ku ruhande rw'aba republicains, uwuza imbere mu majwi Donald Trump, aba muri iyo ntara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Donald Trump arifuza kwanikira Ted Cruz

Yiteze kuronka intsinzi ikomeye k'uwo bahanganye akomeye Ted Cruz, ariko aranenga uburyo buzotorwamwo umukuru w'umugambwe.

Abo bahiganwa bose bari mu myiyamamaza yo guhiga amajwi.

Clinton yabwiye abanywanyi biwe ko ata kintu na kimwe azofata minenerwe, mu gihe Trump we yavuze ashimitse ko akunda cane iyo ntara ya New York.

Uwo bahanganye Ted Cruz ntivyitezwe ko aronkaho amajwi menshi inyuma y'aho atemeranije na Trump ku migambi yiwe.