Yakuwe mu ndege azira kuvuga icarabu

Indege y'isosiyete Southwest

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Indege y'isosiyete Southwest

Umunyeshure wo muri kaminuza afise ubwenegihugu bwa Irak, wo mu ntara ya California mu gihugu ca Amerika, avuga ko yakuwe mu ndege y'ishirahamwe rya Southwest, inyuma yo kuvuga ururimi rw'icarabu.

Iryo shirahamwe rya Southwest rivuga ko Khairuldeen Makhzoomi yakuwe mu ndege itariki 9 ukwezi kwa kane, imbere y'uko iyo ndege iguruka.

Makhzoomi avuga ko yariko araganira na narume kw'iterefone kuvyerekeye ijambo ry'umunyamabanga mukuru wa Onu Ban Kii Moon.

Yavuze ko umupfasoni umwe yari muri iyo ndege yamuravye cane igihe yavuga ijambo "Inshallah", bisigura "Imana ibishatse".

Inyuma yo gukoresha iryo zina, umukozi w'ishirahamwe rya Southwest yaciye amuherekeza hanze y'indege.

Makhzoomi yagiye muri Amerika nk'impunzi avuye mu gihugu ca Irak, ubu ni umunyeshure muri kaminuza ya California ya Berkeley, yabwiwe ko adashobora gusubira kwinjira muri iyo ndege.