Prezida Obama mu rugendo muri Arabie Saudite

Perezida Obama n'umwami Salman bahura muri 2015

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Perezida Obama n'umwami Salman bahura muri 2015

Prezida wa Amerika Barack Obama yageze mu gihugu ca Arabie Saudite uyu musi, mugihe hari ukutumvikana hagati ya Amerika n'ico gihugu kubijanye n'intambara yo kurwanya Islamic State hamwe hamwe n'amasezerano ku birwanisho ruhonyanganda na Iran.

Obama yagiranye ibiganiro n'umwami wa Arabie Saudite, Salma, bigamije kunagura imigenderanire, imbere yo kuja mu nama ihuza ibihugu vyo mu kigobe c'abarabu ku musi wa kane.

Umumenyeshamakuru wa BBC mu gihugu ca Amerika aza kugenda ajanye na prezida Obama, avuga ko abantu mu gihugu ca Arabie Saudite bibaza ko Amerika yabirengagije na cane cane kubiraba ikibazo ca Iran.

Iyi ni intango y'urugendo rw'indwi yose prezida Obama agiye kugira ruzomushikana mu bihugu vy'Ubwongereza n'Ubudagi.