Bane baraye bishwe mu Burundi

Ahavuye isanamu, AFP
Abapolisi b'Uburundi bahanganye n'abigaragambya mu mwaka ushize.
Abantu bane harimwo umusirikare w'intwazangabo, baraye bishwe mu Burundi barashwe, babiri mu gisagara ca Bujumbura abandi babiri muri komine Mugamba mu ntara ya Bururi.
Col Buzubona Emmanuel yiciwe hagufi yo muhira iwe hafi isaha zibiri z'ijo, arashwe n'abantu bataramenyekana, ariko aratahuka ari kw'ipikipiki, muri zone Kinama iri muri komine Ntahangwa.
Uwo bari kumwe na kw'ipikipiki na we nyene yaciye yitaba Imana.
Col Baratuza avugira igisirikare c'Uburundi avuga ko " Col Buzubona n'uwo bari bahekanye kw'ipikipiki barashwe amasase ariko baza guhohoshwa na grenade."
Iyo ntwazangabo ikaba yaheruka kurangiza ubutumwa yahoramwo mu gihugu ca Tanzania aho yahora yigisha muri Staff Coleage of Dar Es Salaam.
Col Buzubona Emmanuel akaba yarigeze kuba ari icegera c'uwujejwe iperereza mu gisirikare (G2), imbere yo kuja mu butumwa mu gihugu ca Tanzania.
Gushika ubu nta yandi mabanga yari bwaronke mu gisirikare.
Abandi bantu babiri bishwe barashwe muri komine Mugamba iri mu bumanuko bw'Uburundi, aho abitwaje ibirwanisho bariko bararasana n'abajejwe umutekano.
Uwurongoye intara ya Bururi, Christian Nkurunziza, yabwiye BBC ko abajejwe umutekano baronse inkuru zibamenyesha aho abitwaje ibirwanisho bariko baranywera ku bunywero bumwe baca bajayo.
Bakihashika ngo baciye barasana haca hapfa umusirikare umwe yari asanzwe ari mu karuhuko hamwe n'umwigisha.
Hakomeretse abandi bantu babiri harimwo n'umupoilisi.
Mu mpera z'indwi iheze, abantu bane nib o bari bishwe barashwe aho nyene muri komine Mugamba, ku mitumba ya Nyatubuye na Muyange-Kavumu.