Umupfasoni w'umuja ku noti ya 20 muri Amerika

Harriet Tubman, impirambanyi mu kurwanya ubucakara muri Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Harriet Tubman, impirambanyi mu kurwanya ubucakara muri Amerika

Ifoto y'umuja yanse kwambikwa umunyororo hanyuma afasha n'abandi amajana n'amajana bagenzi we kwanka kuba abaja, igiye gukoreshwa ku noti nshasha y'amadolari 20 mu gihugu ca Amerika.

Umupfasoni Harriet Tubman azoba abaye umunyafrika w'umunyamerika wa mbere agiye ku kimenyetso c'igihugu ca Amerika.

Kandi ni we mupfasoni wa mbere mu kiringo c'ikinjana muri kahise ka Amerika, ifoto yiwe igiye kw'idollar.

Iyo foto izoba igiye mu kibanza c'iyahahora ya prezida agira indwi wa AMERIKA, Andrew Jackson, yari atunze abaja muri ico gihe.

Ubu ifoto ya Andrew Jackson izoba iri inyuma y'iyo noti.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Inoti iriho ifoto y'impirimbanyi mu kurwanya ubucakara

Iyo noti izotangura gukoreshwa mu mwaka wa 2020, ariko ikigo kijejwe amafaranga mu gihugu ca Amerika kivuga ko ari intango yo gutangura kwibuka no gushimagiza abaharaniye agateka ka kiremwamuntu muri ico gihugu.

Umupfasoni Tubman yavutse mu myaka ya 1800 ari umuja mu ntara ya Maryland.

Yitavye Imana itariki 10 ukwezi kwa gatatu mu 1913, ari mu karere ka Auburn, mu ntara ya New York.

Ibindi bisa n’ibi