Amafoto: Barack Obama mu Bwongereza

Perezida wa Amerika Barack Obama n'umugore we Michelle batangiye uruzinduko rw'iminsi itatu barimo mu Bwongereza basangira ifunguro ryo ku manywa n'Umwamikazi Elizabeth II n'umugabo we igikomangoma Phillip. Obama nyuma yahuye na Ministri w'intebe David Cameron mbere yuko asangira ifunguro rya nimugoroba n'igikomangoma William n'umugore we Kate bari kumwe n'igikomangoma Harry.

Igikomangoma George asuhuza Barack Obama

Ahavuye isanamu, Kensington Palace

Insiguro y'isanamu,

Perezida Barack Obama aramutsa igikomangoma George - w'imyaka ibiri - wari wambaye imyenda yo kuryamana.

Ahavuye isanamu, Kensington Palace

Insiguro y'isanamu,

Nubwo amasaha ye yo kuryama yari yegereje, igikomangoma George, yabonye umwanya wo gukinira ku gikinisho cy'ifarasi.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Barack na Michelle Obama mu ngoro ya Kensington mbere yo gufata ifunguro rya nimugoroba babonye umwanya wo kuganira gato n'igikomangoma William n'umugore we Kate ndetse n'igikomangoma Harry mu ruganiriro rw'abashyitsi.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Obama n'umugore we bari kumwe n'igikomangoma Harry, igikomangoma William n'umugore we Kate ku ngoro ya Kensington.

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu,

Obama n'umugore we Michelle bifotozanya n'igikomangoma Harry, igikomangoma William n'umugore we Kate

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Obama ari kumwe na Ministiri w'intebe David Cameron mu biro bye bya 10 Downing Street.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Bwana Cameron na Bwana Obama byari byitezwe ko baganira ku gikorwa cyo kurwanya umutwe wiyita Leta ya Kiyislamu muri Irak n'ibindi bishobora gukorwa kugirango barwanye uwo mutwe muri Syria.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Mbere yaho, Umwamikazi Elizabeth II n'umugabo we igikomangoma Phillip basanganiye Perezida Barack Obama n'umugore we ku ngoro ya Windsor kuwa gatanu aho bari bageze bazanywe na kajugujugu.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Igikomangoma Philip, w'imyaka 94, yatwaye mu modoka Umwamikazi Elizabeth II na Barack Obama n'umugore we Michelle, abavana kuri kajugujugu abajyana ku ngoro ya Windsor aho basangiye ifunguro ryo ku manywa.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Umwamikazi Elizabeth II n'umugabo we igikomangoma Phillip bakira Barack na Michelle Obama.

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu,

Umwamikazi Elizabeth II n'umugabo we igikomangoma Phillip bifotozanyije na Barack Obama n'umugore we Michelle.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Perezida wa Leta zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama akigera mu Bwongereza kuwa kane.