UEFA irimo gukora iperereza ku mukinnyi w'inyuma wa Liverpool, Mamadou Sakho

Mamadou Sakho

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Mamadou Sakho amaze imyaka itatu muri Liverpool

Umukinnyi w'inyuma wa Liverpool, Mamadou Sakho, arimo gukorwaho iperereza nyuma yaho ibizamini byamukoreweho byerekanye ko ashobora kuba yarafashe imiti itemewe yo mu bwoko bw'iyongera ingufu.

Iryo perereza ararikorwaho n'impuzamashyirahamwe y'umupira w'amaguru mu Burayi, UEFA mu magambo ahinnye.

Ikipe ya Liverpool yavuze ko nubwo bwose uyu mukinnyi - w'imyaka 26, ukina no mu ikipe y'igihugu cy'Ubufaransa atahagaritswe ku mugaragaro, adashobora gukinishwa mu gihe akorwaho iperereza.

Sakho ngo ibizamini byerekanye ko ashobora kuba yarafashe imiti itemewe nyuma y'umukino Liverpool yatsinze Manchester United ku itariki ya 17 z'ukwezi kwa gatatu mu irushanwa ry'igikombe cya Europa League.

Sakho, yavuye mu ikipe ya Paris St-Germain muri 2013 aguzwe amafaranga agera kuri miliyoni 18 z'amapawundi akoreshwa mu Bwongereza.

Muri iyi shampiyona amaze gukina imikino 34 harimo 10 yo mu gikombe cyo mu irushanwa rya Europa League.

Yatsinze igitego cyatumye Liverpool isezerera Borussia Dortmund kuri 4-3; intsinzi yatumye Liverpool ijya muri kimwe cya kabiri.