Ubwicanyi bw'abari mu nzego mu Burundi burakomeje

Umuduga wa Brg Gen Kararuza nyuma yo kugabwako igitero
Image caption Brig Gen Athanase Kararuza yategerewe n'abantu bitwaje ibirwanisho atwaye umwana kw'ishure

General Kararuza Athanase yahoze arongoye ingabo za Onu mu gihugu ca Centrafrique n'umugore wiwe bagandaguwe n'abantu bitwaje inkoho muri kino gitondo.

General Kararuza yari ajanye umwana kw'ishura, baca babarasira imbere y'ishure ryisumbuye rya St Esprit muri Komine ya Gishosha mu buraruko bw'gisagara ca Bujumbura.

Gen Kararuza n'umugore wiwe baciye bapfa ubwo nyene, umwana na we arakomereka cane.

Ubu General Kararuza yari umuhanuzi mu biro vy'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, ashinzwe ibibazo vy'umutekano.

Ubundi bwicanyi

Mw'ijoro ryakeye abantu bitwaje ibirwanisho barateye kandi ku muhana wa Col Ndabigeze Donatien, yakora mu biro vy'iperereza, muri quartier Carama iri muri komine Ntahangwa, bica umupfasoni wiwe n'umushitsi yari yaje kubaramutsa.

Hari ikindi gitero ca grenade cari cabaye ku murango ku modoka y'umushikiranganji wo gushigikirana n'agateka ka zina muntu, Martin Nivyabandi, aho yari yagiye gusenga muri zone Nyakabiga, kw'isengero "Guerison des ames".

Ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe rwa facebook, akaba yamenyesheje ko we n'umugore wiwe bakomeretse bisanzwe ariko bakomeye.

Mu ndwi iheze uwundi musirikare w'ipeta rya Lt Col yaragandaguwe hafi y'umuhana iwe, muri zone Kinama, komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.