Tora umugore yarushije abandi mu mupira w'amaguru

Abagore barushije abandi mu mupira w'amaguru Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Gaelle Enganamouit, Amandine Henry, Kim Little, Carli Lloyd, Becky Sauerbrunn bari ku rutonde rw'abahiganirwa agashimwe ka BBC k'umugore yarushije abandu mu mupira w'amaguru mu mwaka

Abagore batanu nibo bari ku rutonde rw'abahiganirwa agashimwe ka BBC k'umugore yarushije abandi mu mupira w'amaguru mu mwaka.

Rutahizamu w'Umunyakamerunikazi; Gaelle Enganamouit, Umufaransakazi akina hagati, Amandine Henry; Umunyescotlandkazi, Kim Little hamwe n'Abanyamerikakazi, Carli Lloyd na Becky Sauerbrunn, nibo bari kuri urwo rutonde.

Ushobora gutora uwo ushimye ukoresheje ubutumwa bugufi gushika isaha zibiri ku masaha mpuzamakungu kuwa mbere itariki 9 z'ukwa gatanu.

Reka dukubitiza amaso kuri aba batanu bahiganirwa agashimwe ka BBC World Service, gashitse ku mwaka wa kabiri.

Kanda ngaha utore umugore yarushije abandi mu mupira w'amaguru

Gaelle Enganamouit

Igihugu: Kameruni, amaze gukinira inshuro: 43 yinjiza ibitsindo 10

Ikipe: FC Rosengard, akina imbere; afise imyaka 23

2015 wamugendeye gute?

Yari mu mugwi wa Kameruni washitse mu ca 16 c'igikombe c'isi c'abagore mu mwaka uheze.

Yatanguye inkino zose zine aninjiza ibitsindo bitatu muri 6-0 batsinze Ecuador, aba Umunyafrica wa mbere yinjije bitatu mu rukino rw'igikombe c'isi c'abagore.

Yari mu mugwi Eskilstuna United wahejeje ari uwa kabiri ku buryo butangaje mw'ihiganwa ryo muri Swede, Damallsvenskan, aheza ariwe atsinze vyinshi mw'ihiganwa, aho yinjije 18 bituma iyo kipe ironka amahirwe yo gukina muri Champions League y'abagore.

Ivyaranze ugukina kwiwe

Yafashije Kameruni kuronka itike yo kuja mu nkino za Olympique ku nshuro ya mbere mu 2012, aza nk'uwusimbura afise imyaka 20, igihe batsindwa gatatu kose.

Yavuye muri Kameruni mu 2012 aja gukinira ikipe Spartak Subotica yo mu ciciro ca mbere c'abagore hamwe no muri Champions League y'abagore.

Yinjije igitsindo vyavuzwe ko arico cambere kinyarutse mu mateka y'umupira w'abagore, nyuma y'imisegonda itatu gusa.

Yagiye mw'ikipe iheruka kuduzwa muri Damallsvenskan, Eskilstuna United, mu kwa cumi na kabiri 2013 ayivamwo aja mu yatwaye igikombe FC Rosengard haciye imyaka ibiri, agiye gusimbura umudage Anja Mittag.

Amandine Henry

Igihugu: Ubufaransa; yabukiniye inshuro 48; afise imyaka 26

Ikipe: Olympique Lyonnais; akina hagati

2015 wamugendeye gute?

Yashitse mu ca kane c'ihiganwa mu gikombe c'isi c'abagore akinira Ubufaransa mu mwaka uheze, imbere y'uko bukurwamwo n'Ubudage kuri penaliti.

Yakinye imikino yose itanu, atsinda kimwe mu bitsindo vyabaye vyiza mw'ihiganwa ateye ari kure cane mu rukino batsinze Mexico 5-0.

Yari mw'ikipe ya Lyon yatsinze ihiganwa ry'iciciro ca mbere mu 2015 ku nshiro igira icenda bikurikiranya.

Ivyaranze ugukina kwiwe

Yakinye mu gikombe ca Buraya c'abagore mu 2009 n'2013, igihe Ubufaransa bwaviramwo mu ca kane c'ihiganwa.

Yagiye gukinira Lyon imbere y'igiganwa ry'i 2007-08 atsinda ibitsindo 44 mu nkino 198, anatsindira Champions League y'abagore inshuro zibiri.

Lyon ubu iri mu ca kabiri c'ihiganwa mu nkino z'ubu.

Azoja gukina mw'ikipe ya Portland Thorns muri Amerika mw'ihiganwa NWSL mu mpera z'amahiganwa i Buraya.

Kim Little

Igihugu: Scotland, amaze kugikinira inshuro 115, yinjiza ibitsindo 46

Ikipe: Seattle Reign FC, akina hagati afise imyaka 25

2015 wamugendeye gute?

Niwe yinjije vyinshi muri Seattle, ikaba kandi ari iya kabiri mw'ihiganwa, afise ibitsindo 10 yinjije mu 2015, akaba ari imbere mu gufasha kwinjiza vyinshi.

The Reind bahejeje ihiganwa mu kibanza ca mbere, imbere yo gutsindwa 1-0 mu rukino rwa nyuma na FC Kansas City.

Yinjije ibitsindo bitanu mu nkino za Scotland zo kurondera itike yo kuja mu gikombe ca Buraya 2017 - gishobora kuba ica mbere ico gihugu kigiyemwo - akaba kandi yaravyitwayemwo neza cane mw'ihiganwa W League ryo muri Australia, igihe muri Amerika bari mu karuhuko, atsinda ibitego icenda mu mikino 12, ahesha intsinzi y'igikombe ikipe Melbourne City.

Ivyaranze gukina kwiwe

Yari mu bahiganirwa agashimwe ka mbere ka BBC k'umugore yarushije abandi mu mupira w'amaguru mu mwaka - katsindiwe n'Umunyenigeria akina imbere Asisat Oshoala - nyuma yo kuvyitwaramwo neza mw'ikipe Seattle Reign avuye muri Arsenal.

Yakiniye Scotland kuva afise imyaka 16 anaba umwe mu Banyescotland batowe gukinira ikipe y'Ubwongereza yashitse mu ca kane c'ihiganwa rya Olympique mu 2012.

Yaronse udushimwe tw'umukinyi mwiza wa FA mu 2010 hamwe na PFA mu 2013, ibikombe yatsindiye ari muri Arsenal bikaba birimwo bitanu vy'igikombe c'Ubwongereza.

Yanatsindiye kandi igikombe ca Scotland agitangura umupira akinira ikipe Hibernian.

Carli Lloyd

Igihugu: Leta Zunze Ubumwe za Amerika; yayikiniye inshuro 222; yinjiza bitsindo 87

Ikipe: Houston Dash; akina hagati; afise imyaka 33

2015 wamugendeye gute?

Yari kapitene w'igihugu ciwe kandi atsinda ibitego bitandatu mu kigombe c'isi, harimwo bitatu yinjije mu mukino umwe mu minota 16 mu rukino rwa nyuma n'Ubuyapani, aho yinjiza igitsindo ari hagati mu kibuga kimuhesha kuja ku rutonde rw'abahiganirwa agashimwe ka Puskas.

Yatsindiye umupira w'inzahabu nk'umukinyi mwiza mw'ihiganwa, kubera ukuntu yakiniye Amerika akayihesha igikombe c'isi kigira gatatu, kikaba cari icambere kuva mu 1999.

Yabaye umugore wa mbere yinjije bitatu mu rukino rumwe mu gikombe c'isi aba kandi umukinyi wa mbere, mu bagabo n'abagore, abigize kuva Geoff Hurst abikoreye Ubwongereza aho bwakina n'Ubudage bw'uburengero i Wembley mu 1966.

Ivyaranze gukina kwiwe

Yatsindiye imidari ya Olympique inshuro zibiri, yinjiza ibitsindo vyazanye umudari w'inzahabu mu nkino za nyuma mu 2008 n'2012.

Yakiniye Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu bikombe bitatu vy'isi - aho baba aba gatatu, aba kabiri n'abambere.

Yatsindiye igikombe mw'ihiganwa ryo muri Amerika, NWSL, mu 2013 akinira Western New York Flash, aca aja gukinira Houston Dash imbere y'inkino z'umwaka wa 2015, atsindira kuba umukinyi w'umugore yarushije abandi mu mwaka.

Becky Sauerbrunn

Igihugu: Leta Zunze Ubumwe za Amerika; ayikinira inshuro 105; nta gitsindo yinjije.

Ikipe: FC Kansas City; akina inyuma; afise imyaka 30

2015 wamugendeye gute?

Yabaye umugore wa mbere yatsindiye agashimwe gaheza ihiganwa rya NWSL inshuro zitatu yikurikiranya, aho yagirwa myugariro yarushije abandi mu mwaka.

Yakinye iminota yose 630 y'inkino za Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu gikombe c'isi co mu 2015, gukina kwiwe kwiza gutuma agirwa kapitene wa kabiri w'ikipe y'igihugu ari kumwe na Carli Lloyds mu ntango z'uno mwaka.

Ni kapitene wa FC Kansas City akaba yarayifashije kugumana igikombe ca NSWL.

Ivyaranze gukina kwiwe

Yarivyukiranije nyuma yo gukomereka ku zuru agitangura gukinira Amerika mu 2008 aho yahura na Canada, aca akina mu bikombe vy'isi vyo mu 2011 n'2015 hamwe na Olympique mu 2012.

Ni umwe mu bakinyi batatu ba Amerika yemerewe kuja mu mugwi mushasha muri NWSL, FC Kansas City mu ntango z'2013.

Yabaye kapitene agira kabiri igihe batsinda ihiganwa ku mwaka wiwe wa kabiri muri iyo kipe.