Umukuru w'abarwanyi Riek Machar yasubiye i Juba

Riek Machar, umukuru w'abarwanyi muri Sudani y'epfo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Riek Machar yaciye arahizwa mu mabanga yo kuba icegera c'umukuru w'igihugu

Umukuru w'abarwanyi muri Sudani y'epfo, Riek Machar, yasubiye ku murwa mukuru Juba hakurikijwe amasezerano y'amahoro agamije guheza intambara imaze imyaka ibiri n'igice.

Yashitse ari mu ndege y'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, avuye muri Ethiopia nyuma yo gusivya urwo rugendo rwagomba kuba mu ndwi iheze.

Bwana Machar yaciye arahizwa vuba vuba mu mabanga y'icegera c'umukuru w'igihugu muri leta y'ubumwe.

Intambara yo hagati mu gihugu yadutse igihe leta, irongowe na Salva Kiir, yagiriza bwana Machar kuba yariko arategura gutembagaza ubutegetsi.

Imirwano yatumye abantu barenga imiriyoni zibiri bahunga; ibihumbi n'abo baricwa.

Ibindi bisa n’ibi