U Burundi bwaronse ubutumire bwa Mukapa mu biganiro

Willy Nyamitwe
Image caption Umujenama ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'u Burundi, Willy Nyamitwe, aravyemeza

Leta y'u Burundi ivuga ko yaraye ironse ubutumire bwo kwitaba ibiganiro bihuza Abarundi bihagarikiwe n'uwahoze ari umukuru wa Tanzania, Benjamin Mkapa.

Ivyo biremezwa n'umujenama ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'u Burundi.

Willy Nyamitwe avuga yamara ko atoshoka avuga ko bazokwitaba n'uko batazokwitaba ubwo butumire kuko ngo baracariko barabwihweza neza imbere y'uko babwishura.

Benjamin Makapa ategekanya ko ivyo biganiro vyoba hagati y'itariki 2 na 6 z'ukwezi kwa gatanu kwimirije, kugira bitorere inyishu intureka zimaze umwaka wose mu Burundi.

Ibindi bisa n’ibi