Abigaragamvya bahutse inama nshingamateka ya Irake

Abashigikiye Moqtada al-Sadr Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abashigikiye Moqtada al-Sadr bashaka ko hajako leta nshasha

Abari mu myigaragamvyo bamenaguye binjira mu nama nshingamateka ya Irake ku murwa mukuru Baghdad, basaba ko hatorwa leta nshasha.

Bari mu majana y'abashigikiye umwigisha wa Islam w'Umushia akomeye cane, Moqtada al-Sadr, bamenye imyugario ikingiwe y'akarere ka Green Zone nyuma y'aho abanyepolitike basubiriye kunanirwa gutora abashikiranganji bashasha.

Abigaragamvya bivugwa ko baciye batangura gusambagura inyubakwa y'inama nshingamateka.

Modtada al-Sadr yari yahamagaje imyiyerekano ikomeye uno munsi ngo bashire igitsure ku nama nshingamateka kugira yemeze leta nshasha, ingingo nyamukuru kugira umushikiranganji wa mbere Haider al-Abadi ashobore gushira mu ngiro umugambi wiwe.