Umugore basanze mu bihomoka muri Kenya ntarakurwayo

Inyubakwa yatemvye muri Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umugore yaheze mu bihomoka ngo amagara yiwe ameze neza

Ishirahamwe ritabara imbabare muri Kenya, Croix Rouge, rivuga ko umugore basanze akiri muzima mu bihomoka vy'inzu yaguye kuwa gatanu, atarakurwayo.

Abajejwe gutabara baramuvuriyeyo, ubu hakaba hatanguye igikorwa co kugerageza kumukurayo.

Umutunganyabikorwa wa Croix Rouge, Anthony Mwangi, yabariye BBC ko ari igikorwa kitoroshe, ngo ariko uwo mugore amagara yiwe yifashe neza ngo akaba yashoboye kuvugana n'abajejwe gutabara.

Ngo ariko hari igihomoka kinini kibuza ko ava mu bindi bihomoka.

Ibindi bisa n’ibi