Indege za Israel zarashe ibirindiro bine vya Hamas

Ikiduga c'ingwano ca Hamas Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Israel ivuga ko yatoye uwundi muhora uca mu kuzimu ukoreshwa na Hamas

Indege z'ingwano za Israel zarashe ibirindiro bine vy'umuhari Hamas wo muri Palestine mu karere ka Gaza mu gihe ugusotorona kubandanya hagati y'impande zombi.

Igisirikare ca Israel kivuga ko cariko kirasubiza ku bisasu vyarashwe muri Israel.

Abanyepalistine benshi bakomeretse, mu nyuma umugore umwe yicwa n'igisasu catewe n'ikiduga c'ingwano ca Israel.

Igisirikare ca Israel kandi catangaje ko catoye umuhora wa Hamas uca mu kuzimu ubandanya gushika hakurya ry'urubibe, ukaba ari uwa kabiri utowe mu kwezi kumwe.

Umuvugizi yavuze ko abarwanyi ba Hamas bashobora kuba barashe ku basirikare babiri mu gihe babonye ko Israel yariko iregereza uwo muhora.

Ibindi bisa n’ibi