Izindi ngingo z'ubutunzi bw'Ubugereki

Alexis Tsipras yari yatowe kubera kwanka ingingo zo gutubika umukanda, ariko nyuma yarazishigikiye. Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umushikiranganji wa mbere, Alexis Tsipras

Inama nshingamateka y'Ubugereki yaraye yemeje ingingo zitanezereje benshi, zo gusuzuma gushasha mu ntumbero yo guhindura, amategeko agenga ama tagisi n'agahamba ku bakukurutse bageze mu za bukuru.

Umushikiranganji w'ikigega ca leta w'Ubugereki, Euclid Tsakalotos, yemeza ko igihugu ciwe cujuje ivyo gisabwa.

Inama y'abashikiranganji b'ibihugu bikoresha Euro, itegekanya kandi kuganira ku ngingo yo guha Ubugereki irindi deni, mu ntumbero yo kurinda ico gihugu kuja mu kibazo co kudashobora gusaba ingurane mu kwezi kw'indwi.

Aho mu kw'indwi niho Ubugereki buteganya kwishura igice c'umwenda bwasavye ikigega mpuzamakungu FMI, hamwe n'ibanki y'Ubumwe bwa Bulaya.